Amakuru
5 mai 2022

Biragoye kumenya abasize ubuzima mu gitero cabaye ku basirikare b’Abarundi bo muri ATMIS

Abasirikare 10 barishwe, 5 baraburwa irengero, abagera kuri 25 nabo barakomereka. Ivyo bitigiri bitangwa n’igisirikare c’Uburundi inyuma y’igitero ca Al-Shabab kuri uyu wa kabiri ku kirindiro c’inteko z’Ubumwe bwa Afrika (ATMIS) hafi y’igisagara ca Ceel Baraf muri Somaliya. Ico kirindiro kikaba carimwo abasirikare b’Abarundi. Ariko ayandi makuru ava mu basirikare bari muri Somaliya, yemeza ko ibitigiri birenga ivyashikirijwe.