Amakuru
14 février 2024

Biragaragara ko ingabo za SADC zifatanije na FDLR mu kurwanya umuhari M23 (Rudatsimburwa)

Ibihugu vyo mu karere ka SADC vyemeye kuja kurwanya umuhari M23 mu buseruko bwa Congo bisa nk’uko bidashaka kwemanga ko biriko birarwanya M23. Ivyo bikavyanka kubera bizi neza ko biriko bifashanya n’umurwi wakoze ihonyabwoko wa FDLR hamwe n’iyindi mirwi y’iterabwoba. Bivugwa na Albert Rudatsimburwa, umumenyeshamakuru akaba akwirikiranira hafi ibiba mu karere ka Congo y’ubuseruko. Akavuga ko igitangaje ari uko ivyo bihugu nka Afrika y’epfo na Tanzaniya vyinyegeza inyuma y’amasezerano ya Luanda na Nairobi kandi bigaragara ko biriko bikorana na FARDC mu kurwanya M23.