Amakuru
14 janvier 2022

Birababaje kubona impunzi z’Abarundi zonyene zihohoterwa n’abategetsi ba Tanzaniya

Birababaje kubona impunzi z’Abarundi zonyene arizo mu zindi mpunzi zose zibandanya gukorerwa amabi n’abategetsi ba Tanzaniya. Ico nico ciyumviro nyamukuru kiri mw’ikete urunani rutavuga rumwe na leta CFOR-Arusha rwarungikiye ku munsi wa mbere umukuru w’igihugu ca Tanzaniya Samia Suluhu Hassan. Ni mu gihe hari amabi atandukanye ariko arakorerwa impunzi z’Abarundi mu makambi ya Nduta na Nyarugusu. Ku bwa Frederiko Bamvuginyumvira, arongoye urunani CFOR-Arusha, leta ya Tanzaniya itegerezwa gukingira impunzi z’Abarundi nk’uko amategeko mpuzamakungu abitegekanya mu kuziha uburenganzira bwose.