Amakuru
8 avril 2023

Birababaje kubona hari abaciyumvira gukora ihonyabwoko mu karere k’ibiyaga binini

Ivyiyumviro vy’ihonyabwoko biracibonekeza mu karere duherereyemwo nk’ibibera mu gihugu ca Congo mu kwica Abacongomani bavuga ururimi rw’ikinyarwanda. Ivyo binegurwa n’umushikiranganji wo Gusubiza hamwe no gukwirikirana ibikorwa vyo gukunda igihugu, Jean Damascène Bizimana. Akaba yabishikirije kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 7 Ndamukiza ahariko haratanguzwa iminsi ijana yo kwibuka abahitanywe n’ihonyabwoko ryo mu 1994. Yibutsa ko ihonyabwoko ryavuye ku bazungu bashaka gutwara ibihugu vyo muri Afrika babanje kubacamwo amoko. Dr Bizimana atera akamo abagifise agatima k’ihonyabwoko kuvavanura na ko, bakubaha ubuzima bwa kiremwa muntu.