Amakuru
26 avril 2023

Birababaje kubona Alain Guillaume Bunyoni atariko akwirikiranwa kubera ubwicanyi yakoze

Umugambwe MSD usaba ubutegetsi bwa Evariste Ndayishimiye kwubahiriza amategeko mu rubanza rwa Alain Guillaume Bunyoni. Biri mw’itangazo uwo mugambwe wasohoye kuri uyu wa 24 Ndamukiza. Epitace Nshimirimana, umuvugizi wa MSD, avuga ko uwo mugambwe ubabajwe no kubona Bunyoni adakwirikiranwa ku mabi yakoreye Abarundi ahubwo akwirikiranwa kubera indyane ziri hagati mu mugambwe CNDD-FDD.