Amakuru
6 mars 2024

Birababaje kubona Abatutsi bo muri Congo bicwa amakungu arorera (impunzi za Kiziba)

Impunzi z’Abanyecongo zahungiye mu gihugu c’Urwanda ziriyamiriza ihonyabwoko ririko rirakorerwa Abatutsi bo mu buseruko bwa Congo. Babigaragarije mu myiyerekano yatunganijwe n’impunzi ziri mw’ikambi ya Kiziba mu burengero bw’igihugu c’Urwanda kuri uyu wa mbere itariki 4 Ntwarante. Izo mpunzi zagiriza amakungu kurorera ata co akora kandi ihonyabwoko ririko riraba.