Leta yategerezwa guha uburyo ibimenyeshamakuru kugira ngo bitunganye akazi kavyo neza. Ivyo bisabwa n’ishirahamwe PARCEM. Mu mwihwezo Faustin Ndikumana arirongoye yashize ahabona kuri uno wa gatanu itariki 3 Rusama, umunsi mpuzamakungu wahariwe ukwishira no kwizana mu kumenyesha amakuru, asaba indongozi zitandukanye gutanga amakuru ku bisata bajejwe. Faustin Ndikumana akaba anababazwa n’uko abamenyeshamakuru batagishobora gukora inkuru z’amatohoza yimbitse.
Amakuru
4 mai 2024