Amakuru
4 mai 2024

Birababaje kubona abamenyeshamakuru batagishobora gukora amatohoza (PARCEM)

Leta yategerezwa guha uburyo ibimenyeshamakuru kugira ngo bitunganye akazi kavyo neza. Ivyo bisabwa n’ishirahamwe PARCEM. Mu mwihwezo Faustin Ndikumana arirongoye yashize ahabona kuri uno wa gatanu itariki 3 Rusama, umunsi mpuzamakungu wahariwe ukwishira no kwizana mu kumenyesha amakuru, asaba indongozi zitandukanye gutanga amakuru ku bisata bajejwe. Faustin Ndikumana akaba anababazwa n’uko abamenyeshamakuru batagishobora gukora inkuru z’amatohoza yimbitse.