Amakuru
22 mars 2022

Baza bavuye mu kuzimu aho basubira bajanye amaraso y’abo bagonze

Inyuma y’ingingo bafatiwe yo kudashika mu mu gisagara ca Bujumbura n’imicungararo yaco, abatwara amapikipiki, amakinga na tukutuku baguma batambirwa ku mivyimba. Ubu hoho abategetsi bariko babitirira ibintazi bavuga ko bamwe muri bo ari amashetani. Vyashikirijwe n’umukuru w’Inama nshingamateka. Daniel Gélase Ndabirabe yavuze ko baza bavuye mu kuzimu. Akaba yabivuze kugira asigure ingingo yafashwe n’umushikiranganji ajejwe umutekano. Yabivuze igihe yari mu buraruko bw’igihugu aho yariko ahura n’abajejwe intwaro mu mpera z’indwi iheze.