Amakuru
15 novembre 2021

Bamwe mu banyamitahe bo mu bihugu vy’Abarabu bariyemeje kuzana imitahe mu Burundi

Gushiraho umurwi uhurikiyemwo Uburundi na Emirats Arabes Unis wiga ku vyokorwa hagati y’ivyo bihugu bibiri hamwe n’ukubishira mu ngiro. Alain Diomède Nzeyimana, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’Igihugu, amenyesha ko ayo ari amwe mu masezerano yemejwe hagati y’Uburundi n’ico gihugu. Yabivuze ku mugoroba wo ku munsi wa gatanu aho umukuru w’igihugu yari atahutse avuye mu rugendo yamazemwo imisi 5 i Dubaï, ku murwa mukuru wa Emirats Arabes Unis. Hakaba kandi hagiye kwugururwa ubuserukizi bwagutse bw’ivyo bihugu.