Amakuru
5 janvier 2022

Bamwe mu bakozi ba BANCOBU barakekwa kuba mu bashatse kwiba muri iyo banki

Amafaranga agera ku miliyoni ijana na mirongo itanu niyo yibwe mw’ibanki y’ubudandaji mu Burundi (BANCOBU). Bishikirizwa na Pierre Nkurikiye, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Umutekano. Mu bakoze ubwo busuma harimwo abakora muri iyo banki bafadikanije n’abandi bakaba bayivye bakoresheje ubuhinga ngurukanabumenyi. Pierre Nkurikiye avuga ko igipolisi c’Uburundi gifise ubuhinga bukwiye bwo guhangana n’ubwo busuma buba buciye ku ngurukanabumenyi.