Amakuru
17 décembre 2021

Augustin Matata yapfuye kubera ukuborezwa igufa mu biro vy’iperereza

Augustin Matata, umunywanyi w’umugambwe CNL, yari yanyurujwe n’abantu bambaye umwambaro w’igipolisi kw’igenekerezo rya 16 Munyonyo uyu mwaka, yarasandavye kuri uyu wa gatatu mu bitaro vy’itiriwe Umuganwa Ludoviko Rwagasore. Pacifique Nininahazwe, arongoye isekeza Ndondeza, amenyesha ko urwo rupfu rwaturutse ku gusinzikarizwa ubuzima yakorewe mw’iperereza. Pacifique Nininahazwe yongera akamenyesha ko igihe yari amaze arwariye muri ivyo bitaro ata n’umwe wo mu muryango wiwe yigeze yemererwa kuja kumugarukirako. Agasaba umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH gukwirikirana ama dosiye y’abantu bose banyurujwe.