Amakuru
5 septembre 2022

Atadomyeko urutoke, umukuru w’Igihugu aragabisha abashaka gutembagaza intwaro yiwe

Bamwe mu badandaza hamwe na bamwe mu bategetsi bo hejuru barihaye uburenganzira bwo kunyegeza ifumbire n’ibitoro kugira ubutunzi bw’igihugu busubire inyuma. Ivyo vyemejwe n’umukuru w’Igihugu, hari ku munsi wa gatanu w’indwi iheze igihe yari mu ntara ya Gitega mu birori vyo kwugurura umwaka w’ubutungane. Evariste Ndayishimiye yarijeje abanyagihugu ko ibibazo vyose bijanye n’inyungu zabo ari we wenyene ubwiwe azohora avyikwirikiranira.