Amakuru
20 mai 2023

Ata gikozwe, ubutegetsi bwa Ndayishimiye buzokwicwamwo abantu benshi kurusha ubwa Nkurunziza

Abantu ibihumbi 4040 ni bo bamenyekanye y’uko bishwe, abagera ku 697 baranyuruzwa, 1225 baraborezwa igufa, 13072 barahagarikwa hadakurikijwe amategeko, na yo 611 bakorewe amabi afatiye ku gitsina kuva igenekerezo rya 25 Ndamukiza umwaka w’2015 gushika ku wa 25 Ndamukiza umwaka w’2023. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo c’umuhari Iteka. Ku bwa Anschaire Nikoyagize, arongoye uwo muhari, n’aho ibihe bitandukanye mu ntwaro ya Petero Nkurunziza na Evariste Ndayishimiye, ikigaragara ni uko ibijanye n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu rikibandanya ukuri kwamye nka mbere. Ku bw’umuhari Iteka, hamwe ubutegetsi bwa Ndayishimiye butovyitwararika kugira burwanye ayo mabi amaze gukorwa gusa mu mezi 34, intwaro yiwe ishobora guhitana abantu benshi gusumvya iya Nkurunziza, n’aho hasa n’ahari agahengwe.