Arsène Ntwari, yari umunywanyi w’umugambwe UPRONA wegamiye ubutegetsi, yabuzwe irengero muri Munyonyo umwaka w’2015 mu Kinama mu gisagara ca Bujumbura. Nk’uko amatohoza y’isekeza Ndondeza avyerekana, yaguye mu mutego yatezwe n’abakozi b’iperereza, imbere y’uko afatwa akanyuruzwa n’intwazangabo Athia Nduwimana, asanzwe avugwa mu ma dosiye menshi yo kunyuruza abantu. Pacifique Nininahazwe, arongoye isekeza Ndondeza, asaba leta guha umuco umuryango wa Arsène Ntwari.
Amakuru
29 novembre 2021