Amakuru
2 août 2024

Angola izohagararira ihagarikwa ry’ingwano muri Congo guhera ku wa 4 Myandagaro (O. Nduhungirehe)

Itariki 4 Myandagaro hazotangura ihagarikwa ry’imishamirano mu buseruko bwa Congo. Iyo ngingo yafashwe mu mubonano wabaye hagati y’abashikiranganji b’Imigenderanire b’Urwanda na Congo uheruka kubera i Luanda muri Angola. Umushikiranganji w’Urwanda, Olivier Nduhungirehe, akamenyesha ko ukwo guhagarika ingwano kuzohagarikirwa na Angola. Olivier Nduhungirehe, yavugiye kuri televiziyo y’Urwanda, yongera avuga ko ibiganiro vy’i Luanda n’i Nairobi vyuzuzanya.