Amakuru
22 février 2024

Amnesty International isaba iyubahirizwa ryo gushikiriza iciyumviro mu kurekura Floriane Irangabiye

Umukuru w’Igihugu akwiye gushira mu ngiro ivyo yiyemeje kwubahiriza uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro mu kurekura Floriane Irangabiye. Ako ni akamo ka Amnesty International. Iryo shirahamwe rivuga ko ryagize agahinda ryumvise ko Sentare ntahinyuzwa yashimangiye igihano c’uwo mumenyeshamakuru co gupfungwa imyaka 10. Rachel Nicholson, umushakashatsi wa Amnesty International mu karere ka Afrika y’ubuseruko, avuga ko batazohengeshanya gukoma akaruru kugira Floriane Irangabiye arekurwe.