Amakuru
7 février 2024

Amnesty International irasaba irekurwa ry’umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye

Ishirahamwe Amnesty International igisata gikorera mu gihugu c’Ububirigi caratunganije urwandiko rwo guterako igikumu kugira hasabwe irekurwa ry’umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye ari mu munyororo kuva mu mwaka w’2022. Carine Thibaut, umuyobozi wa Amnesty International igisata co mu Bubirigi, avuga ko urwo rwandiko rumaze gushirwako umukono n’abantu bagera ku bihumbi cumi. Avuga ko ubwo ari bumwe mu buryo iryo shirahamwe ryashimye gukoresha kugira rirabe ko uwo mumenyeshamakuru boheba bakamurekura kuko ariko azira ubusa. Carine Thibaut asaba ayandi mashirahamwe na yo ko yogira ico akoze kugira asabe irekurwa rya Floriane irangabiye.