Amakuru
20 février 2024

Amerika irivuguruza ku vyo FDLR ikora mu buseruko bwa Congo (A. Rudatsimburwa)

Leta y’Urwanda iratewe impungenge n’ingene yagirizwa na leta zunze ubumwe za Amerika kuba rufasha umuhari wa M23, mw’itangazo Amerika yasohoye ku wa 17 Ruhuhuma. Urwanda rurasaba insiguro leta zunze ubumwe za Amerika ku mvugo z’ibihushane zibaranga ku kibazo ca Congo kijanye n’umutekano mu karere k’ubuseruko. Ku bwa Albert Rudatsimburwa, umumenyeshamakuru akaba n’umuhinga akwirikiranira hafi ikibazo co mu buseruko bwa Congo, leta zunze ubumwe za Amerika zisa nk’izeza umuhari w’iterabwoba FDLR, bo nyene bavyemeje uko nyene, maze bagasa n’abashira amakosa ku muhari M23, ivyo bikaba ari vyo bigaragaza ko harimwo ukwivuguruza.