Ingingo y’uguhagarika amazu y’ukuvunjisha amafaranga mvamakungu yarafuswe ku wa gatanu uheze. Abahora bakorera muri ico gisata basabwa kuja kwiyandikisha mw’Ibanki nkuru y’igihugu. Dieudonné Murengerantwari, umukuru w’Ibanki BRB, avuga kandi ko abantu bashobora kurungikirwa amafaranga mvamakungu bagashobora kuyaronswa muri ayo mafaranga nyene canke bakayashira ku ma konti yabo muri ayo mafaranga mvamakungu nyene.
Amakuru
10 octobre 2022