Amakuru
30 septembre 2023

Amategeko yo mu Burundi afise intumbero yo gucinyiza uburenganzira bw’abanyagihugu

Amategeko yo mu Burundi yashizweho kugira abuze umwidegemvyo abanyagihugu wo kwishira no kwizana muri politike, mu gihe Ibwirizwa shingiro risanzwe ritanga ubwo burenganzira. Ico ni co catumye amashirahamwe atatu FOCODE, COSOME na SOS Torture aja hamwe agira urunani kugira akoreshe icigwa kw’ihonyangwa ry’ayo mategeko. Ayo mashirahamwe akaba anegura ingene menshi yasubiwemwo mu mwaka w’2016 ahanini kugira Abarundi basubire mu ntwaro y’umugambwe umwe, ikindi na co ni uko n’abashira mu ngiro ayo mategeko kenshi usanga bashira imbere inyungu z’uwo mugambwe umwe.