Amakuru
25 mars 2022

Amategeko y’igihugu arakingira uburenganzira bwo kugira itongo mu Burundi

Ibwirizwa shingiro n’itegeko rigenga amatongo biratanga uburenganzira bwo kugira itongo mu Burundi. Biri mw’itangazo ry’ishirahamwe Ligue Iteka ryo kuri uyu wa kane igenekerezo rya 24 Ntwarante. Ligue Iteka ibimenyesheje inyuma y’aho umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye avugiye ko amatongo atarimwe azokwakwa ba nyene yo agahabwa abandi. Ligue iteka ikabona ko kuzoba ari uguhonyanga amategeko.