Amakuru
24 avril 2024

Amategeko atanga uburenganzira bwo gutanga iciyumviro n’aho coba kidashimisha ubutegetsi (FOCODE)

Umumenyeshamakuru Sandra Muhoza nta tegeko na rimwe yigeze arenga mu gushikiriza iciyumviro ciwe ku rubuga WhatsApp yari asangiye n’abandi. Ivyo bisigurwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe FOCODE, ari na ryo ryatabarije Sandra Muhoza igihe afatwa nk’uwunyurujwe itariki 13 Ndamukiza. Janvier Bigirimana akavuga ko agatotezo kagirwa n’ubutegetsi ku banyagihugu, na cane cane ku bamenyeshamakuru, gatuma isura y’igihugu itosekara. Janvier Bigirimana abandanya asaba ko Sandra Muhoza yorekurwa, afatiye no ku vyo amategeko mpanavyaha ategekanya. Uwo yanonosoye amategeko avuga ko gushikiriza ivyiyumviro ari uburenganzira bw’umunyagihugu uwo ari we wese, n’aho vyoba ari ibitajanye n’ivyo ubutegetsi bushaka.