Amakuru
13 mai 2022

Amategeko agenga ishirahamwe ni yo ariha uburenganzira bwo kwigenga mu vy’ubutunzi

Ni ibisanzwe ko ishirahamwe ryaba irya leta canke iry’abikorera ivyabo ryitwarira irindi kuko ishirahamwe ryose riba rifise amategeko arigenga. Uko niko umushingwamanza Yves Runyagu, umuhinga mu bijanye n’amategeko agenga urudandazwa, abisigura inyuma y’aho umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye avugiye ko adatahura ingene ishirahamwe rya leta ryitwarira irindi. Evariste Ndayishimiye akaba yari yabishikirije kuri uyu wa kabiri mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Uwo muhinga avuga ko ukwo kudatahura kumwe amategeko y’Uburundi bishobora kubera intambamyi abacamanza mu mwuga wabo.