Amakuru
4 août 2023

Amatagisi mashasha ku nzu z’ubudandaji ashobora gusubirwamwo inyuma y’ibiganiro

Amakori mashasha ku mazu yo kudandarizamwo yashinzwe hisunzwe integuro nshasha y’amafaranga leta izokoresha mu mwaka w’2023-2024. Vyumvikana ko atari ikigo OBR cafashe iyo ngingo yo kuduza ayo mafaranga y’ikori. Ariko rero ubushikiranganji bw’Ikigega ca leta buremera ko baganira n’abadandaza kugira barabe neza ko ivyo biciro bishasha bitoba vyisunze amakuru atari yo, kandi basanze biri uko, Audace Niyonzima, aramutswa ubwo bushikiranganji, aremera ko bazobigabanura. Yabishikirije kuri Radio-Télévision Isanganiro kuri uyu wa gatatu, inyuma y’aho ku munsi wa mbere abadandaza bahagaritse akazi mu kugaragaza akababaro bafise.