Amakuru
10 juin 2022

Amasite y’abateshejwe izabo yabwirizwa guhindurwamwo ibigwati vy’amahoro

Umugambi wo gutahukana abateshejwe izabo mu mihana iwabo, ntiwari mu vyihutirwa muri kino gihe. Ni umwihwezo wa Frédéric Bamvuginyumvira, yahoze ari icegera c’umukuru w’Igihugu. Ku bwiwe, leta y’Uburundi yari ikwiye kwitaho ibindi bibazo bihanze igihugu hako yitera ibindi. Frédéric Bamvuginyumvira aterera leta ko nyabuna amasite yose yohindurwamwo ibigwati vy’amahoro. Iyo ntererano ikaba ije inyuma y’aho abateshejwe izabo bo muri site ya Ryanyoni, iri muri zone Kabanga komine Giheta mu ntara ya Gitega, bamenyesherejwe n’abajejwe intwaro y’uko bategerezwa gusubira ku mitumba iwabo, maze ico kibanza kigakorerwamwo imigambi y’iterambere.