Amakuru
20 juin 2024

Amashure mu Burundi yarakoreshejwe mu vya politike ku ntwaro ya Évariste Ndayishimiye

Igisata c’indero muri ino myaka ine iheze cagiye kiravangwa na politike. Uno munsi ngo bigeze aho abana basigaye basiba ibibazo kubera ingendo z’abakuru b’umugambwe uri ku butegetsi. Biri mu mwihwezo w’umuhari w’ibikorwa nkundagihugu. Ku bwa Libérat Ntibashirakandi, avugira umuhari MAP-Burundi Buhire, ivyo ngo bitera bigira ingaruka mbi kuri ico gisata. Zimwe muri zo, ni nk’itituka ry’ubumenyi. Libérat Ntibashirakandi akavuga ko bigeze aho abana batakimenya gusoma n’ugutahura cane cane igifaransa, aho ku bwiwe n’abigisha basigaye basigura mu kirundi.