Amakuru
2 juin 2021

Amashirahamwe y’abarundi adaharanira ivyicaro vya politike arasaba umunyamabanga mukuru wa ONU gukora ibishoboka kugira akinge ihonyabwoko n’ayandi mabi y’agahomerabunwa mu Burundi

Amashirahamwe y’abarundi adaharanira ivyicaro vya politike arasaba umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU gukora ibishoboka kugira akinge ihonyabwoko n’ayandi mabi y’agahomerabunwa mu Burundi. Mw’ikete ayo mashirahamwe yarungikiye Antonio Guterres kuri uyu wa mbere, yishimikiza ku ruhande Uburundi  buherutse gufata mu kwanka itorwa ry’ingingo iha uburenganzira ishirahamwe ONU kugira rikinge mu gihe c’ihonyabwoko, ivyaha vyo mu ntambara, ivyaha vy’agahomerabunwa n’ukuzimanganya ubwoko. Kubw’umushingwamanza Janvier Bigirimana, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe FOCODE, ngo iyo nyifato igamije ibihe bitari vyiza vy’ihonyabwoko mu Burundi. Ayo mashirahamwe agasaba Antonio Guterres gukurikiranira hafi ico cuka kitameze neza.