Amakuru
20 février 2021

Amashirahamwe OMCT na FIDH arasaba ko ubutungane bwokwisubirako ku rubanza buherutse gucira bamwe mu baharanira agateka ka zina muntu bagirizwa kuba bari mu bagomvye gutembagaza ubutegetsi mu mwaka 2015

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira kurwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu OMCT hamwe n’amwe mu mashirahamwe yandi nka FIDH aharanira agateka ka zina muntu kw’isi arasaba ko ubutungane bwokwisubirako ku rubanza buherutse gucira bamwe mu baharanira agateka ka zina muntu bagirizwa kuba bari mu bagomvye gutembagaza ubutegetsi mu mwaka 2015. Delphine Reculeau, ajejwe gukingira agateka ka zina muntu muri OMCT, yavuze kubw’ayo mashirahamwe, amenyesha ko ubutungane butisunze amategeko.