Journal
7 novembre 2022

Amashirahamwe mpuzamakungu agiye gushiramwo inguvu mu kurwanya SIDA mu Burundi

Amashirahamwe mpuzamakungu akorana n’Uburundi akorera mu gisata co kurwanya SIDA asabwa gukorana neza n’amashirahamwe ahurikiyemwo abagendana umugera wa SIDA mu gutegura neza imigambi. Vyashikirijwe n’umunyamabanga ntayegayezwa mu murwi w’igihugu ujejwe kurwanya SIDA. Dr Désiré Nduwimana akamenyesha ko hari agahaze mw’ishirwa mu ngiro ry’imigambi ijanye n’ico gisata. Yabivuze ku munsi wa gatanu mu ndwi iheze mu gihe barabira hamwe aho ibikorwa vyo kurwanya uwo mugera bigeze.