Amakuru
15 mars 2023

Amashirahamwe 3 mpuzamakungu asaba irekurwa ry’abaharanira agateka ka zina muntu 5 bapfunzwe

Abategetsi b’Uburundi basabwa kurekura ata gisabwe abaharanira agateka ka zina muntu batanu bapfunzwe, bakongera bagakurwako ivyaha bagirizwa kuko ata shingiro bifise. Ako kamo gaterwa n’amashirahamwe mpuzamakungu atatu : Amnesty International, Initiative pour les droits humains au Burundi na Human Rights Watch. Ku bwa Rachel Nicholson, umushakashatsi ku Burundi mw’ishirahamwe Amnesty International, yavuze kw’izina ry’ayo mashirahamwe, ipfungwa ry’abo baharanira agateka ka zina muntu ryerekana ingene ukwishira n’ukwizana mu bikorwa vy’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike, kwatitutse.