Amakuru
21 août 2024

Amashirahamwe 19 yigenga y’Abarundi arasaba ihagarikwa ry’umugambi wo gutahukana impunzi ku nguvu

Amashirahamwe 19 adaharanira inyungu za politike asaba leta ya Tanzaniya ifatikanije na leta y’Uburundi n’ishirahamwe HCR guhagarika umugambi wo gushaka gutahukana ku nguvu impunzi z’Abarundi ziri muri ico gihugu. Mu rwandiko ayo mashirahamwe yasohoye, asaba leta ya Tanzaniya guhagarika vuba na bwango ingingo yose yoza ishaka gutahukana ku nguvu impunzi z’Abarundi. Léopold Sharangabo, arongoye ishirahamwe CBDH/VICAR, rimwe mu mashirahamwe yateye umukono kuri iryo tangazo, asaba ishirahamwe HCR kwubahiriza no gukingira agateka k’impunzi.