Amakuru
30 mai 2024

Amashirahamwe 19 yigenga asaba leta ya Tanzanie guhagarika itahukanwa ry’impunzi z’Abarundi ku nguvu

Amashirahamwe 19 aharanira agateka ka zina muntu asaba leta ya Tanzaniya guhagarika umugambi wo gushaka gutahukana ku nguvu impunzi z’Abarundi utegekanijwe muri Kigarama uno mwaka. Afatiye kw’itangazo ayo mashirahamwe yasohoye kw’igenekerezo rya 28 Rusama, Léopold Sharangabo, arongoye urunani CBDH/VICAR yavuze kw’izina ry’amashirahamwe yateye umukono kuri urwo rwandiko, asaba amakungu n’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’ubuseruko kugondoza leta ya Tanzaniya kugira ihagarike iyo ngingo iteye kubiri n’amategeko agenga impunzi.