Amakuru
16 février 2024

Amashirahamwe 18 yigenga arasaba ko itegeko rigenga imigambwe risubirwamwo

Amashirahamwe 18 adaharanira ivyicaro vya politike mu Burundi, arasaba inzego zitatu ari zo umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu, umukuru w’Inama nshingamateka, hamwe n’Umurwi w’igihugu uraba ibijanye n’agateka ka zina muntu CNIDH, ngo zikoreshe ububasha zihabwa n’amategeko kugira itegeko rigenga ingene imigambwe yitunganya n’ingene ikora risubirwemwo. Mw’ikete ayo mashirahamwe yarungikiye izo nzego, abona ko itegeko rihari uno munsi rifise intambamyi mu bijanye n’ukwishira n’ukwizana mu bikorwa vy’imigambwe. Gordien Niyungeko, yavuze kw’izina ry’ayo mashirahamwe, abona ko hamwe risubiwemwo vyofasha kugira habe icuka ciza ca politike n’intwaro rusangi mu Burundi.