Amakuru
9 février 2023

Amashengero n’amamangazini y’Abanyamulenge n’abavuga ikinyarwanda yaratewe mu myiyerekano i Goma

Kuzibira amabarabara, kumenagura no kwiba mu mamangazini n’amasengero y’Abanyamurenge n’abantu bavuga ikinyarwanda. Ni vyo vyaranze imyiyerekano yabereye mu gisagara ca Goma ku munsi wa mbere itariki 06 Ruhuhuma. Iyo myiyerekano ikaba yari yatumweko n’amashirahamwe amwe amwe adaharanira ivyicaro vya politike abicishije ku mbuga ngurukanabumenyi, mu ntumbero yo kwiyamiriza igisirikare ca EAC cagiye kugarukana amahoro aho mu buseruko bwa Congo. Bacagiriza ko ata co kiriko kirakora ngo gituze umuhari wa M23 uhanganye n’igisirikare ca Congo.