Amakuru
4 octobre 2023

Amasezerano yose leta idakuramwo inyungu ziboneka ategerezwa guhagarikwa

Umukuru w’Inama nshingamateka aremeza ko amasezerano yashizweko igikumu kuva mu mwaka w’2015, menshi yatunganijwe nabi kuko atisunze inyungu z’igihugu. Mu gihe umushikiranganji wa Mbere yariko arashikiriza ivyaranguwe na leta mu mezi atandatu aheze imbere y’Inama nshingamateka na nkenguzamateka zikoranye, Gélase Daniel Ndabirabe yamenyesheje ko ayo masezerano yose ategerezwa guhagarikwa kuko ata kungana kw’inyungu kuhari hagati y’Uburundi n’abanyamitahe mvamakungu.