Amakuru
27 février 2023

Amasezerano ya Usalama, ni ikiraro kugira abakuru b’ibihugu bashike ku zindi nyungu binyegeje

Ibikorwa vyo gukorana hagati y’igisirikare ca Congo n’ic’Uburundi vyiswe Usalama, vyari bigamije kurwaniriza hamwe imirwi irwanira muri Congo ahanini igizwe n’imirwi y’Abacongomani. Ariko rero umukuru w’Igihugu c’Uburundi ntiyari akwiye kwemeza ayo masezerano, mu gihe muri iyo mirwi hariho iyisaba uburenganzira bwayo mu gihugu c’amavukiro. Athanase Karayenga, umumenyeshamakuru w’Umurundi, yihweje neza ayo masezerano, yerekana ko leta y’Uburundi mu gushira umukono kuri ayo masezerano, harimwo no gushaka ko yoshika ahari impunzi z’Abarundi kugira baziburagize mu guhungabanya umutekano wazo.