Amasezerano ya Arusha nta coza kiyasumba kugira amahoro agaruke mu Burundi. Ivyo biri mu rwandiko rwasohowe n’urunani rwa politike CFOR-Arusha ku munsi w’Imana igenekerezo rya 28 Myandagaro. Wari umunsi wo kwibuka imyaka 22 ayo masezerano ashizweko igikumu. Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urwo runani, agahamagarira kwubahiriza ayo masezerano kugira haboneke amahoro arama.
Amakuru
30 août 2022