Amakuru
30 août 2023

Amasezerano ya Arusha ni yo shingiro ry’ukunywana hagati y’Abarundi

Kuri uyu wa 28 Myandagaro, imyaka 23 yararumanye hashizwe umukono ku masezerano ya Arusha y’amahoro no kunywanisha Abarundi. Ku bwa Léonce Ngendakumana, umwe mu bateye igikumu kuri ayo masezerano, Abarundi baracakeneye ayo masezerano kuko ibijanye n’amahoro no kunywanisha Abarundi bitigeze bishikwako kugeza uwu munsi, Uburundi ngo buracarangwamwo ugukumirana. Asaba Abarundi bose guhagurukira rimwe bagasaba y’uko amasezerano ya Arusha agarukanwa akubahirizwa.