Amakuru
30 août 2023

Amasezerano ya Arusha azokwama ari ntasubirizwa mu mitima y’Abarundi

Umugambwe CNDD-FDD warasubije inyuma cane ingingo zijanye n’amahoro no kunywanisha Abarundi nk’uko zari zitegekanijwe mu masezerano ya Arusha. Ni ko bibonwa n’urunani rw’abatavuga rumwe na leta CFOR-Arusha, mu gihe ku munsi wa mbere hibukwa imyaka 23 ayo masezerano ateweko igikumu. Ku bwa Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urwo runani, umugambwe CNDD-FDD usanzwe wagirizwa ivyaha bitandukanye mu Burundi nti wari gushobora gushira mu ngiro ingingo zijanye n’ugusubiza hamwe, uca uhitamwo kwikunda mu kibanza ca kazoza k’Uburundi. Bamvuginyumvira agahamagarira abegwa n’ayo masezerano bose guhaguruka agasubizwa umutamana.