Amakuru
22 décembre 2023

Amasezerano mashasha y’Uburundi n’Ububiligi ni imiliyoni 150 z’amahera y’amanyabulaya (M. Wimmer)

Amafaranga imiliyoni 150 z’amanyabulaya, ni yo azoshirwa mu masezerano mashasha hagati y’Uburundi n’Ububiligi. Ayo masezerano agizwe n’ibice bine azomara imyaka itanu. Michael Wimmer, aserukira Ububiligi mu Burundi, avuga ko ari umugambi uzofasha nko mu bisata vy’amagara y’abantu, indero no gutunganya neza amatungo ya leta. Ayo masezerano akaba yashizweko umukono ku munsi wa gatatu itariki 20 Kigarama.