Ingingo nshasha ibuza impunzi z’Abarundi baba muri Tanzaniya gukora ibikorwa bibabeshaho. Abategetsi basohoye itangazo ribuza amapikipiki n’amakinga gusubira kugendeshwa mw’ikambi y’i Nyarugusu. Ivyo Urunani rw’Abarundi baharanira agateka ka zina muntu baba mu makambi y’impunzi rukabona ko ata kindi bigamije atari kugira izo mpunzi zisubire mu Burundi ku nguvu. Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye CBDH/VICAR, ahamagarira ubutegetsi bwa Tanzaniya kwisubirako, bukubahiriza uburenganzira bw’izo mpunzi.
Amakuru
19 août 2022