Ibiherutse kuba i Kishasa vyavuzwe ko habaye ugushaka gutembagaza ubutegetsi yari inkinamico. Amakuru ava i Kinshasa yemeza ko ari ikibazo c’ukutumvikana hagati y’umukuru w’Igihugu Félix Tshisekedi na Vital Kamerhe, anurwanurwa kuba ari we azoba umukuru w’Inama nshingamateka. Ayo makuru nyene yemeza ko cari igitero cashaka gutwara ubuzima bwa Kamerhe kuko aboneka nk’uwushobora kubuza Tshisekedi guhindura Ibwirizwa nshingiro kugira ashobore kuzokwitoza mu kiringo ca gatatu.
Amakuru
22 mai 2024