Amakuru
25 novembre 2023

Amakungu ntiyitaho kumwe impunzi zo muri Congo (Albert Rudatsimburwa)

Abantu bakwiye kumenya ko Abanyecongo bateshejwe izabo bose bitavuye ku mvo zimwe. Hari abahunze kubera intambara n’abandi ingabo za Congo zirukana mu vyabo kugira ntibasigare ahafashwe n’umuhari M23. Uwu ni umwihwezo wa Albert Rudatsimburwa, umumenyeshamakuru akwirikiranira hafi ikibazo c’umutekano muri Congo. Hari mu kiganiro yagiriranye n’umumenyeshamakuru Innocent Muhozi kuri uyu wa kane igenekerezo rya 23 Munyonyo. Rudatsimburwa akababazwa n’ukuntu amakungu atitaho kumwe izo mpunzi zo muri Congo.