Amakuru
20 mars 2024

Amajambo y’umukuru w’Igihugu yerekana ko atakimenya iyo ivy’igihugu biva n’iyo bija (MAP-Burundi)

Umuhari w’ibikorwa nkundagihugu MAP-Burundi Buhire uranegura ivyashikirijwe n’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye, aho yemanga ko Abarundi bose bamerewe neza uretse abagizwe abaja b’Urwanda. Hari kw’itariki 16 Ntwarante mu birori vy’uguhimbaza umunsi wahariwe Abakenyerarugamba, umuhari w’abakenyezi bo mu mugambwe CNDD-FDD. Libérat Ntibashirakandi, umuvugizi w’umuhari MAP-Burundi, abona ko umukuru w’Igihugu yataye umutwe kubera ibisata vyose vy’igihugu vyamaze kwononekara kuva ku butunzi, imibano, politike n’umutekano kandi akaba ata nyishu abona neza muri kino gihe. Ku bwa Libérat Ntibashirakandi, inyishu ku bibazo bihanze Uburundi bizoca mu biganiro aho Abarundi bazokwigira hamwe ingene boshobora kubogora igihugu.