Amakuru
17 juillet 2021

Amajambo y’umukuru w’igihugu Ndayishimiye ku babuzwe irengero ariyamirizwa na FOCODE

Amajambo yashikirijwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ku bijanye n’inyuruzwa ry’abantu mu Burundi ngo ni ikinyoma cambaye ubusa. Akaba yabishikirije kuri radiyo na televiziyo vy’Abafaransa RFI ku munsi wa gatatu. Isekeza Ndondeza rivuga ko rimaze gukora ama dosiye agera ku majana abiri y’abanyurujwe mu nyuma bakaburwa irengero. Muri bo, hakabamwo na bamwe mu banyurujwe muri uyu mwaka Evariste Ndayishimiye amaze ari ku butegetsi. Isekeza Ndondeza rikabona ko amajambo y’umukuru w’igihugu aje kwerekana ko ata butungane imiryango y’abanyurujwe izoronswa.