Amajambo mashasha ari mu rurimi rw’ikirundi agiye kwemezwa vuba. Vyamenyeshejwe kuri uyu wa gatatu n’umunyamabanga ntayegayezwa mu rwego nshingwakirundi. Hari mu nama yo guhanahana ivyiyumviro kuri uwo mugambi. Clément Bigirimana yaramenyesheje kandi ko bamaze kuja mu mihingo itandukanye y’igihugu, gusigurira abanyagihugu ku neza y’urwo rwego nshingwakirundi.
Amakuru
22 avril 2022