Journal
31 décembre 2023

Amajambo atabereye y’umukuru w’Igihugu acafuza igihugu cose (Innocent Muhozi)

Amajambo yashikirijwe na Evariste Ndayishimiye ku munsi wa gatanu ntabereye umukuru w’Igihugu ku bisata vyose yagize ico avuzeko. Bivugwa na Innocent Muhozi, umumenyeshamakuru w’Umurundi abona ko Evariste Ndayishimiye yari akwiye gutanga inzira z’ingene igihugu cova mu ngorane cane cane z’ubukene ha kuratira Abarundi bashonje ko ibigega iwe vyuzuye. Na yo ivyo kuvuga ko Urwanda ari rwo ruri inyuma y’igitero giheruka kubera mu Gatumba, Muhozi avyamirira kure, mu gihe na Ndayishimiye mu kubivuga ata vyemezo yerekanye.