Amazu yakira ingenzi zikongera zikararamwo bita amahoteli, asanzwe akorera ku butaka bw’Uburundi, asabwa kurihisha ingenzi zose zibagana mu mafaranga mvamahanga. Ingingo yafashwe kuri uyu wa kabiri n’abashikiranganji babiri : uw’Ikigega ca leta hamwe n’uw’Ubudandaji, mu nama bagiranye na bene izo nzu zakira ingenzi. Umushikiranganji w’Ikigega ca leta, Audace Niyonzima, yasavye bene amahoteri kwuguruza amakonte mu mafaranga mvamahanga kugira ayo mafaranga agaragare ingene akoreshwa mu gihugu.
Amakuru
1 février 2023