Amakuru
5 juillet 2023

Amafaranga ya leta y’2023-2024 azokoreshwa neza kurusha ay’uno mwaka uriko urasozerwa

Itunganywa ry’amafaranga leta izokoresha mu mwaka w’2023-2024 rizokwisunga ingene amafaranga y’umwaka turiko turasozera yakoreshejwe hisunzwe kandi imigambi ya leta. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’Ikigega ca leta, mu nama yagiranye n’abarongoye ibisata bitandukanye vyegukira ubwo bushikiranganji, hari ku munsi wa mbere. Audace Niyonzima akaba yabateye akamo kwitegurira gutunganya amafaranga y’igihugu afatiye ku migambi leta yashize imbere.