Amafaranga agenerwa gukoreshwa n’ubushikiranganji bw’Amasoko ntanganguvu aguma ari make cane umuntu aravye iterambere igihugu gishaka. Uwo mwihwezo ni uwishirahamwe PARCEM. Faustin Ndikumana arirongoye, abona ko hari imigambi itatu yihutirwa kunagurwa muri ico gisata. Iyo na yo akaba ari ukwihutira guhindura intsinga zose za kera ziri mu gisagara ca Bujumbura kugira hasubirwemwo ibijanye n’umuyagankuba, kuzana amazi meza mu gisagara ca Bujumbura, n’ibijanye n’igisata c’igitoro.
Amakuru
29 novembre 2023